Mkombozi Lucifer – Ubumwe Lyrics Ft. Mutima Le Comedien

Mkombozi Lucifer – Ubumwe Ft. Mutima Le Comedien

Top-rated Burundian rapper known by his stage name, Mkombozi Lucifer unlocks a brand-new song labeled “Ubumwe” which the lyrics are finally available below.

Ubumwe lyrics by Mkombozi Ft. Mutima Le Comedien

(Intro)
Hallo Uburundi ni paradiso tubuhaye Imitima namaboko
Ego Tububemwo nkabantu tubukorere nk ama robots
Twe turangwa nibikogwa namajambo nka Gasuku
Ego turangwa n’ibikogwa itiro nicegera c’urupfu
Dutsimbataze imico nakaranga k U Burundi
Duhe Ikaze Ingenzi hello Visit Burundi

-Advertisements-

(Verse 1)
Rundiboy
Raba abavyeyi bacu imyaka irabajanye
dutangure kubegera icotutazi tubabaze
Kuko imfizi y intama itendera nka sé
I karata y U Burundi nico gikumu ca roho yanje
Gukunda U Burundi sukumenya kubucapa Ukunda U Burundi ubukorera nka bucampfa
Udakoreye U Burundi cane pfuma ukora gato
wizere nka kanyegeri katey umugere Ibetton
Turi Amata N’Ubuki Imitima ya Afrika
Dutemye igiti dutere ibiti ntituhasige ubagaragwa
Ntituzokwiyumvire ic U Burundi buzodufasha
Ahubwo Twiyumvire ico twe tuzobufasha
Nimba ukunda U Burundi kunda kwanza Umurundi
Niwanka uMurundi uzokwankwa n U Burundi
Idarapo ry U Burundi turibike mumitima
Ntituribike mwisakoshe zibangamirwa n I Bisuma
Ubumwe ibikogwa amajambere nivyo biranga Abarundi nitwashika mumahanga tubabwire turi ABarundi
Ubumwe ibikogwa amajambere nivyo biranga ABarundi nitwashika Mumahanga tubabwire turi ABarundi

(Chorus)
Ubumwe bw’Abarundi
Muheto wabasokuru
Wadusubije Intahe
Soko ridakama
Cuburaro nuburamuko
Bwabato nabakuze

(Verse II)
Rundiboy
Mon Pays est beau
Mon Pays est Kundwable
Realisons nos rêves nous sommes capables
Nous avons Ubwenge nous avons Umwete
Twarahezagiwe nous devons toujours être à la tête
dupfiriye igihugu cacu n Imana iratwakira
Kuko urupfu n igihano kubantu batizera
Gupfa nukubaho tutashitse kwico twipfuza
Akubu kazoba akahise reka tukagire keza
Twebwe Urwaruka dufise inguvu n ubugugu
Twirinde U bugugu bwacu ntibumire inguvu zacu
Ahubwo inguvu zacu zimire ubugugu bwacu
Aho U Burundi bwacu buzoba hejuru,Hejuru y’ ibicu
Nka Jackson Nahayo Montreal kuz iMugimbu
Songambere Burundi Ubumwe n’ubuntu mubantu
Ubuntu buguha Abantu abantu baguh ibintu
Ibintu bikugira umuntu
Umuntu niwe mwana wigihugu

(Chorus)
Ubumwe bw’Abarundi
Muheto wabasokuru
Wadusubije Intahe
Soko ridakama
Cuburaro nuburamuko
Bwabato nabakuze

(Verse III)
Udashoboye kwongera ko kuvy U Burundi bufise
ntuzugabanye ko kuvyo wasanze bufise
Politique si mbi tuyigiyemwo n Urukundo
Yica abantu ntiyic insazi ntituyijemwo n’urwanko
Harabarongozi beza nincabwenge twabuze
Harabanonotsi Nka Niyonsaba benshi twabuze
Ba Nyamate,Ba Mutima,ba Gasape twabuze
Ba guibert Nijimbere,ba Yusufu Nyange
Dusenyere kumugozi umwe uwakabiri tuwugwanye
Umurundi plus umurundi sibabiri numwe
Murikahise kacu twaritanga nka Bihome
Umwansi aduteye twaramwivuna muri bwabumwe
Naho dukundana twumvirije abatwankanisha
tuzoca twankana kandi atanakimwe dupfa
Ntitugwanye Umurundi tugwanye ubukene n’inzara
Kuko umwanya ntuhagarara naho wohagarika Isaha

Ubumwe ntibuvyara Impunzi buvyara ingenzi
Dukunde U Burundi tubukundishe nabandi
Abari hanze murondere imigambi namahera
Mubuze inoti zane imigambi Paeej na bije zibahe amahera
Tubaye Intahemuka zumviriza kandi zikora
Ubu Burundi bwa Génération nkozi n’isi igiye kubutangarira

-Advertisements-
 

Do you find Offblogmedia useful? Click here to give us five stars rating!

 
About KelvinDerola 3774 Articles
Kelvin Dérola is a certified Journalist who has received his degree in Journalism from St. Augustine University. From May 21st 2022 to the present day, he is running this awesome website. When he isn't blogging, he is playing GTA or COD with friends or just listening to some new music. Wanna talk? Phone: +255 716 805 652 Email: [email protected]

Join the Discussion

No one has commented yet. Be the first!

Leave a Reply

Your email address will not be published.


*